homepagekirundikirundi_Sports

Landry Ndikumana mu nzira yo gukinira umugwi Ac Vita Club

Inyuma y’aho umugwi Kayanza United asanzwe akinamwo utsindiye umugwi Aigle Noir ibitsindo 2-1, umukinyi w’umusatirizi wa Kayanza United Landry Ndikumana benshi bazi kw’izina rya Dro yaciye afata indege yerekeza mu gihugu ca Repubirika iharanira Demokarasi ya Congo mu gisagara ca Kinshasa kwumvikana n’umugwi Ac Vita Club ukina mu cicaro ca mbere .

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 05 gitugutu 2019 , niho haboneka ifoto ya Landry Ndikumana ari kumwe n’umumenyereza w’umugwi Ac Vita Club ariwe Florent Ibenge. Indundi Sports ikaba yaciye irondera uyo mukinyi kugira atange umuco ku bakunzi biwe kuvyerekeye iyo foto y’uko yuko yoba agiye gukinira uyo mugwi ukomeye w’i Kinshasa.

Landry akaba yemeye y’uko yari mu biganiro n’umugwi Ac Vita Club kandi imwipfuza kandi umumenyereza w’uwo mugwi Florent Ibenge yamubonye akaryoherwa cane.

“Nari mu biganiro na Ac Vita Club iranshaka Imana izofasha Ibenge yambonye araryoherwa cane yambwiye y’uko bakeneye cane umusatirizi ibintu vyose bimeze neza ndindiriye y’uko batangura ibiganiro vya mbere uno musi baraza kuyaga na Manager wanje ariko bategerezwa kuvugana na Kayanza kuko niwo mugwi ndimwo”

Landry Ndikumana niwe yabaye umusaririzi mwiza yatsinze ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri igihe yakinira Inter Star.

Akaba amaze gukinira imigwi ikomakomeye ya hano iwacu nka Union Sporting , Muzinga Fc , Flambeau de l’Est , Vital’O Fc , Inter Star , yarajabutse n’imbimbe aja gukina mu gihugu ca Tanzania mu mugwi Stand United muri kino gihe akaba asanzwe akina mu mugwi wa Kayanza United.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871