homepagekirundikirundi_Sports

Nsabiyumva Frédéric ntakibonetse mu nkino zibiri z’intamba mu rugamba

Ku mugoroba wo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 06 Gitugutu 2019 isaha 18h00 niho umugwi Chipa United usanzwe ukinamwo umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Nsabiyumva Fréderic wari wakiriye umugwi Kaizer Chief mu rukino rw’indwi ya 10 y’ihiganwa ryo muri Africa y’epfo ( PREMIER SOCCER LEAGUE)

Urwo rukino ntirworoheye Nsabiyumva Fréderic kuko ku munota wa 45 w’urukino uyo mukinyi yaronse imvune mu mugongo yatumye atarangiza urwo rukino abona gukomborwa n’uwitwa Lentzies.

Inyuma y’iyo mvune uyo mukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba yaraye aronse Indundi Sports yarondeye uyo mukinyi kugira atange umuco kuri iyo mvune yaraye aronse n’ikiringo agiye kumara hanze y’ikibuga adakina .

Akaba yagize ati “Ego nararonse imvune mu mugongo ivyatumye ntarangiza urukino rw’umusi w’ejo mvuye kwamuganga ubu nyene bampaye imiti banyandikira n’uko nofata akaruhuko k’indwi zibiri ariko inyuma y’indwi imwe nzoca nsubira kwa muganga barabe ingene meze”.

Muri Staff y’intamba mu rugamba bobo babishicishije kuri Manager wabo Mutima Constantin bavuga y’uko bariko bararaba y’uko uyo mukinyi yoza bakaza bamukurikiranira hafi bonyene n’abaganga b’intamba mu rugamba kuko bihora bishika umugwi ukankira y’uko umukinyi wabo yitabira inkino z’imigwi nserukira gihugu akaba yarangije avuga y’uko vyose bazobimenya ku musi w’ ejo y’uko uyo mukinyi azoza mu ntamba mu rugamba canke atazoza .

Fréderic Nsabiyumva akaba yiyongera ku bandi bakinyi babiri b’intamba mu rugamba baronse imvune nka David Nshimirimana hamwe na kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino.

Abo Bose bakaba batagiye kugaragara mu nkino zibiri z’intamba mu rugamba zo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2021.

Intamba mu rugamba zikaba zigiye gukina urukino rwa mbere igenekerezo rya 13 Gitugutu 2019 n’umugwi wa Republique Centre Africaine hariya iwabo hama igenekerezo rya 19 Gitugutu 2019 bakazoba bariko barakirira Maroc hano i Bujumbura ku kibuga c’intwari.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871