homepagekirundikirundi_Sports

Olivier Niyungeko ngo ibizohora biba mu ntamba mu rugamba ntibizohore bibazwa we gusa

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 07 Munyonyo 2019 igihe c’isaha zitatu z’agatondo (9h00) niho ku kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yari yaramutse atanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru batandukanye aho yashoboye gusigura ukungene imyiteguro y’inkino zibiri zo kurondera itike rya CAN2021 zizohuza intamba mu rugamba na République Centre Africaine ( RCA) igenekerezo rya 13 muri uku kwezi kwa Munyonyo hamwe na Maroc i Bujumbura igenekerezo rya 19 Munyonyo imeze.

Alain Olivier Niyungeko akaba yavuze y’uko biteguye neza kandi bamaze no gutumako abantu mu gihugu ca Kenya kugira baze ba.bategurira aho bazoshikira naho bazokorera imyimenyerezo naho imyiteguro itazoba ikomeye cane bivanye n’uko abakinyi bose batiteguye kuko bama bariko bakina inkino mu migwi yabo.

Akaba yavuze y’uko afise icizere co gukora vyiza kuko abakinyi batumweko ibice 80% bameze neza naho hoba hari abamaze kugira ibibazo vy’imvune nka Saido Berahino , David Nshimiramana hamwe Nsabiyumva Fére yari agifitiye icizere y’uko azoboneka muri izo nkino zibiri ariko ntivyahavuye bikunda abaganga bakaba bamuhaye akaruhuko k’indwi 2 ataboneka mu kibuga naho biruko kuri Olivier Niyungeko ngo igihugu ntigipfakara abandi barahari bazobasubirira kuki bose ni abana biwe kandi barashoboye ntabwoba abafiseko.

Yasubiye aravuga kuvyerekeye imyidogo ya bamwe bamwe abahumuriza ko ubu afise Staff bakorana no kugira ahamagare abakinyi babanza kwumvikana bose imbere y’uko bamutumeko. Yasubiye avuga y’uko umusi abantu bazobona ivyavuye mu ntamba mu rugamba bamenye y’uko bizoba vyavuye kuri Staff yose.

Staff y’intamba mu rugamba irongowe nawe nyene Olivier Niyungeko ari kumwe na Djimy Ndayizeye azoba ari icegera ciwe na Kanakimana Bienvenue wewe ari ngaha mu gihugu kumvo z’uko ihiganwa ryo muri America ryamaze kurangira akazofata urugendo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 Munyonyo 2019, imyimenyerezo akazohora ayikoresha bivanye n’ingene abakinyi bazoba bariko bariyongera.

Mukamenya y’uko abakinyi bazogenda i Bangui muri RCA bagabuwe mu mice ibiri, umuce wambere uzohaguruka igenekerezo rya 11 Munyonyo hama uwa kabiri Igenekerezo rya 12 Munyonyo

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 07 Munyonyo 2019 igihe c’isaha zitatu z’agatondo (9h00) niho ku kigo c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yari yaramutse atanga ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru batandukanye aho yashoboye gusigura ukungene imyiteguro y’inkino zibiri zo kurondera itike rya CAN2021 zizohuza intamba mu rugamba na République Centre Africaine ( RCA) igenekerezo rya 13 muri uku kwezi kwa Munyonyo hamwe na Maroc i Bujumbura igenekerezo rya 19 Munyonyo imeze.

Alain Olivier Niyungeko akaba yavuze y’uko biteguye neza kandi bamaze no gutumako abantu mu gihugu ca Kenya kugira baze kubategurira aho bazoshikira naho bazokorera imyimenyerezo naho imyiteguro itazoba ikomeye cane bivanye n’uko abakinyi bose bama bariko baritegura mu migwi yabo bivanye n’inkino bama bariko barakina mu migwi yabo. Yasubiye aravuga y’uko afise icizere co gukora vyiza kuko abakinyi batumweko ibice 80% bameze neza naho hoba hari abamaze kugira ibibazo vy’imvune nka kizigenza Saido Berahino, David Nshimiramana hamwe Nsabiyumva Fére yari agifitiye icizere y’uko azoboneka muri izo nkino zibiri ariko ntivyahavuye bikunda bivanye n’akaruhuko yahawe n’abaganga akaba yahawe akaruhuko k’indwi 2 ataboneka mu kibuga naho biruko kuri Olivier Niyungeko ngo igihugu ntigipfakara abandi barahari bazobasubirira kuko bose ni abana biwe kandi barashoboye ntabwoba abafiseko.

Yasubiye avuga kuvyerekeye imyidogo ya bamwe bamwe kubijanye n’ihamagarwa ry’abakinyi b’intamba mu rugamba aho yabahumurije ababwura y’uko muri kino gihe asanzwe afise Staff bakorana no kugira ahamagare abakinyi babanza kwumvikana bose imbere y’uko bamutumeko.

Yasubiye avuga y’uko umusi abantu bazobona ivyavuye mu ntamba mu rugamba bazomenye y’uko bizoba vyavuye muri Staff yose atari wenyene

Staff y’intamba mu rugamba irongowe nawe nyene Olivier Niyungeko ari kumwe na Djimy Ndayizeye azoba ari icegera ciwe na Kanakimana Bienvenue bazofata urugendo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 Munyonyo 2019 berekeza mu gihugu ca Kenya mugihe Djuma Mossi hamwe na Aimé Kitenge bakazobasangayo

Olivier Niyungeko akaba yavuze y’uko imyimenyerezo azohora ayikoresha bivanye n’ingene abakinyi bazoba bariko bariyongera mu gushika muri ico gihugu ca Kenya bivanye n’uko bazoza barashika ari ibice bice bivanye n’uko benshi bazoba bariko barakina inkino mu mahiganwa yabo.

Mukamenya y’uko abakinyi bazogenda i Bangui muri RCA bagabuwe mu mice ibiri, umuce wambere uzohaguruka igenekerezo rya 11 Munyonyo hama uwa kabiri igenekerezo rya 12 Munyonyo 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871