homepagekirundikirundi_Sports

Masudi Djuma yahawe amasezerano yo kumenyereza Bugesera Fc

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 11 Munyonyo 2019, niho umumenyereza w’umurundi Masudi Djuma yahabwa amasezerano yo kumenyereza umugwi Bugesera Fc ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda.

Uyo murundi akaba yashize umukono ku masezerano yo kumenyereza uyo mugwi Bugesera Fc mu kiringo kingana n’amezi 7 gusa.

Akaba agiye muri Bugesera Fc arangije amasezerano yari afitaniye n’umugwi wa Bukavu Dawa ufise icicaro i Bukavu muri Repubirika iharanira demokarasi ya Congo.

Mu mpera z’indwi iheze niho umugwi Bugesera watangaje y’uko wahagaritse amasezerano wari ufitaniye n’umumenyereza wabo Bigirimana Justin kumvo z’umusaruro muke, aho mu nkino 8 yamenyereje yanganije inkino 2, atsinda inkino 2 atsindwa inkino 4.

Masudi akaba yarakoze amateka adasanzwe mu mugwi Rayon Sports mu gutwara igikombe c’ihiganwa ryo mu Rwanda c’umwaka wa 2017-2018. Yaranamenyereje umugwi As Kigali aranakinira imigwi itadukanye yo ngaha iwacu nka Prince Louis Fc , Inter Star hamwe na Inter Fc ; mu Rwanda yakiniye imigwi nka Apr Fc , Kiyovu Sports hamwe na Rayon Sports.

Mukamenya y’uko mu mugwi Bugesera Fc agiye kuhasanga abakinyi babiri b’abarundi aribo Hussein Shaban Tchabalala hamwe na Moustapha Francis Njali.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871