Entertainmenthomepagekirundipromoted

Umuririmvyikazi w’umurundi Natacha yoba yagiye gukora indirimbo muri Tanzaniya?

Umuririmvyikazi w’umurundi Natacha abandanya avyifatamwo neza mu bihugu vya EAC na cane cane mu gihugu c’Ubugande aho yaheruka  gukorana na Fik Fameica  wo muri ico gihugu nyene indirimbo Unaionaje, ubunaho akaba  yasubiye  mugihugu ca Tanzaniya.

Hari kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Munyonyo 2019 arikumwe n’umuyobozi Raphaël NYANDWI aho bafata rutema ikirere berekeza mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Abenshi bakomeje kwibaza ico yagiye gukora muri ico gihugu asazwe anafisemwo ubundi buyobonzi bumufasha gutunganya ivy’akazi kiwe haba mu gukora indirimbo canke mu kuzimenyekanisha muri ico gihugu.

Mwomenya ko ubwo buyobozi bwiwe bwo mu gihugu ca Tanzaniya igihe bwaheruka i Bujumbura bukaba bwaramenyesheje ko icokwirikira kuri Natacha hoba ari ugutegura ibiteramo muri ico gihugu n’inyuma y’aho bari bahejeje gukora igiteramo bitiriye JIGIJIGI Concert bari kumwe na mugenziwe wo muri Tanzaniya Barnaba.

Ariko amakuru dukura ku wo bajanye nuko ku musi wa kabiri nyene bashitse bakora inama n’abasanzwe bagize ubuyobozi muri ico gihugu inama yamaze ikiringo c’amasaha ane baganira bihweza icokorwa haba ku ndirimbo canke ibindi vyose bijana n’akazi kuri uwo muririmvyikazi hamwe n’ukurondera ama contact akwiye, aca yongera atumenyesha ko bamaze kuyaga n’abatari bake kandi bakirindiriye gukora vyishi muri ico gihugu atashimye kuvuga ivyarivyo.

Mwomenya kandi ko afashe urugendo mugihe yaheruka gukora indirimbo iriko ivyifatamwo neza haba mubakunzi b’umuziki ndundi eka no ku rubuga rwiwe rwa Youtube bikanavurwa ko ashobora n’ukuza akoze n’izindi ndirimbo muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769