Entertainmenthomepagekirundi

Ng’ubu ubutumwa bukomeye umuririmvyi Sat-B yahawe

Francis Muhire ati:”Ba sokuru barayamaze bati:” Iyija kurisha, ihera ku nama”. Burya, ikibazo co kumenya “color” y’umuziki wacu, wocibajije mbere y’umunsi wa mbere uja muri studio ubwa mbere. Nyuma y’ama awards, ama Prix, n’ubushimwe bundi bwinshi bw’ibinyamakuru vyo ngaha iwacu umaze guhabwa, nari nzi ko ico kibazo uza waramaze ahubwo kugitorera inyishu. Nca numva nobaza ikibazo: none wahora uvuza umuziki ufise “color” yihe, ko nahora numva bawita ngo “Ndundi”?

Ariko ni vyiza, kuko vaut mieux tard que jamais. Iyo ” color” ugira urondere rero, nta handi uzoyitora udasubiye inyuma ngo wumvirize kandi wongere wige abagutanguriye muri uyu mwuga ingene bakoze: aho ndavuga nka Groupe Amabano Antoine Marie Rugerinyange na bagenzi biwe, usubire inyume wumvirize bishemeye ba Canjo Amisi, unasubire inyuma cane wumvirize umuduri wa Nkeshimana, wumvirize groupe “Nakaranga”, wumviriza zirya mvyino n’ama rythmes yazo uhora wumva mu manza za dotes ino iwacu n’izindi manza. Bizogusaba ko wiga n’amateka ari muri iyo midiho… Ukumviriza n’abatwegereye gusumba nka ba Aron Nitunga kuko muri ubwo bushakashatsi barabumazemwo igihe kinini cane kandi babugejeje ahashemeye naho batumvirizwa canke ngo ibikorwa vyabo bishirwe ahabona… Aho n’ukuri ndakwijeje ko nko mu myaka nk’itanu, ” color” y’umuziki wacu uzoba umaze gutangura kuyibona, kuko si igikorwa kizokworohera. Kwumviriza mvuga, ni nko kuzirikana, ukumviriza ibirengeye ivyumvikana… Sinzi ko untahuye…

Nayo izo z’ama Nigerian bashaka ko wigana, ntizari kubaho iyo umuntu nka Fella Kuti atabaho, kuko WizKid, Yemi Alade, BurnaBoy n’abandi baramwumvirije, baramwiga baramunonosora kugira wumve uno munsi bavuza kurya. Diamond ari mu makanda ya ba Adidja Kopa n’abandi bari ibihangange kera mu muziki wa Taaraab, ageze harya kubera ko yabize ingene baririmba, ingene bandika, ingene bacrea ama melodies, akabanononsora. Sauti Sol yo muri Kenya, nabonye munayaga, urazobabaza influence y’umuntu nka Slim Ali n’abandi benshi bo mu gihe ciwe muri Kenya, boba bafise ku muziki wayo.

Aba artistes burundais dushaka kurondera umuhoro kure kandi tuwufise mu kwaha. Ndashima ko uduhamagarira kuraba iyo abandi bageze, ni vyiza kuko akanyoni katagurutse, ntikamenya iyo bweze. Ariko turabe abandi twirondera twebwe nyene mu kubigirako, ntitubarabe kugira tubakoporore gusa. Tera imbere nk’umuzinga mwene mama.Wewe upima, mbuganiriza irindi cupa, hama umpamagarira veterinere aze ngaha sha…”

Ubwo butumwa akaba aburose inyuma yukugenda yandika amajambo avuga ngo:” Ibi bintu biratwica cane 80% y’abarundi ntibasohoka igihugu Ubumenyi ni buke cane ugereranije n’ibihugu vyo muri Afrika ikimbabaza benshi bazi ko bazi vyinshi N’ayo mu muziki turi inyuma cane kubumenyi haba mugufana Canke muvyogutunganya Entertainment,Abafana bakeneye cane ubumenyi kurusha Imiziki ya buri munsi”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769