homepagekirundikirundi_Sports

Abakinyi batatu nibo bongewe mu ntamba mu rugamba

Inyuma y’aho umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ujaniye abakinyi 17 gusa i Bangui kumvo z’uko umukinyi Nsabiyumva Fréderic yagize imvune ku munota wanyuma nayo Nduwarugira Christophe agira ikibazo c’ukubura urupapuro “Permis de Résidence” kimwemerera gukina mu gihugu ca Portugal , Staff y’intamba mu rugamba yaciye yongereza abandi bakinyi bagera kuri batatu bazokwiza igitigiri c’abakinyi 20.

Abo nabo akaba ari Hussein Shaban Tshabalala na Moustapha Francis Njali bakina mu gihugu c’Urwanda mu mugwi Bugesera Fc hamwe na Ndaye Chancel asanzwe ari mu gihugu ca Repubirika ya Tchèque mu mugwi wa MFK VYSKOV.

Intamba mu rugamba zikaba zizokwakira umugwi wa Maroc mu rukino rwo kurondera itike y’inkino zo gukurakuranamwo za CAN 2021 ruzoba ku musi wa kabiri igenekerezo rya 19 Munyonyo 2019, rukazotangura igihe c’isaha icenda z’umuhingamo (15h00) ku kibuga c’intwari kiri i Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871