East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Lynn yoba yabaye arafata ikibanza ca Tanasha kuri Diamond mu mwanya muto

Bibaye arivyo, abaganga boba aribo nyendamuvamo w’ubucuti bukomeye bunuganugwa hagati ya Diamond na Lynn.

Kuva Diamond Platnumz na Lynn bari mu gisagara ca Dubai bose umwanya umwe ngo biteye amakenga menshi, ivyo n’ibishikirizwa na kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu c’Ubuganda.

Ico kinyamakuru Uganda online kimenyesha ko uwo mukobwa abantu bamufiseko amakenga menshi kuko muri ino misi haboneka ibimenyetso vyinshi bituma abantu bikeka ko hoba hari ibidasanzwe hagati yiwe na Diamond Platnumz.

Muri ivyo bishikirizwa harimwo kuba ari mu bipfuje cane gufata ikibanza ca Zari, igihe yakinjura, mu kwiyita Mama Lao, mu gihe Diamond we avuga ko ari Papa Lao. Lynn ngo yaranifotoreje ku matera avuga ko ariyo kwa Diamond ariko biza kuvamwo kubibeshuza kwa Tanasha.

Ayandi makenga ahagaze y’uko Tanasha ngo hari amabanga yoba yarankiwe kurangura n’abaganga mu kiringo kanaka. Noneho uwo mukobwa yigeze kuba umukunzi wa Diamond nawe akaba ashobora kuba yaramusubiriye, ubona ko yari umwe mu batumire muri Wasafi Festival, none bakaba barikumwe i Dubai aho Diamond yitabiriye isabukuru rya One Africa Festival.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769