Entertainmenthomepagekirundi

Mr Nice umunya Tanzaniya agiye kuza guteramisha abanya Bujumbura

Mister nice i Bujumbura ku butumire bw’abarongoye Lacosta Beach na The Fighter Production agiye kugaragara i Bujumbura mu giteramo citiriwe East African part.

Inyuma yamugenziwe w’umunyatazaniya aje guteramisha abanya Bujumbura kuri Final y’ihiganwa ryari ryateguwe n’ishirahamwe Brarudi aho umuririmvyikazi Tetero Laurette ariwe yashoboye kutsinda atahukana imiriyoni 25(25.000.000Fbu), ubu naho ubunywero bufadikanije nimwe munzu ishigikira abaririmvyi bagiye kuzana uwundi muririmvyi azwi kwizina rya Mr Nice asanzwe ava mugihugu kibanyi ca Tanzaniya.

Mwomenyako uwo muririmvyi Mr Nice amaze imyaka itarimike haba iwabo muri Tanzaniya eka nomukarere atumvikana mu kuririmba canke mu biteramwo.Akazoba rero aje guteramisha abakunzi b’umuziki i Bujumbura kw’igenekerezo rya 25 Kigarama2019.Mugihe abaririmvyi ba barundi bobo riniga ko batagitumirwa baguma babazanirako abanyamahanga aho bavuga kobiteye isoni ahobishitse bakabazanirako nabo bavuga kwatabikorwa bafise bigaragara.

Mwomenya ko aha i Bujumbura hataramenyekana neza abaririmvyi bazomuherekeza muri ico giteramo eka n’amafaranga yokwinjira ariko ikibanza co kikaba kimaze kumenyekana akazoba ari kuri Lacosta Beach. Ikindi kimaze kumenyekana nuko umwe mu baririmvyi babarundi  ariwe Vichou Love asazwe ari mu murwi Peace and Love amaze kumenyekana kwazoba ari muri ico giteramo citiriwe East African part.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769