footballhomepageIbiyovyabwengekirundikirundi_SportsMiss EricaWorld NewsYvan muziki

Guardiola ati : “dutsinzwe na Liverpool tuzoba tubuze amahirwe yo gutwara Premier League

Umumenyereza w’umugwi Manchester City afise icizere co gutsinda Liverpool kuri uyu wa kane igenekerezo rya 3 nzero umwaka wa 2018 kugira agume yiyongereza amahirwe yo gutwara Premier league .

Akaba yagize ati “mu kibanza cacu Liverpool niyaramuka idutsinze bizoba birangiye tuzoba tubuze amahirwe yo gutwara igikombe ca Premier League yamara nabo nyene barashobora gutakaza amanota ariko ntazoba menshi, nimba dushaka kuba mu kibanza ca mbere dutegerezwa kwibuka umwaka uheze ivyo twakoze.

“Ntidutegerezwa kwibagira aho tutari mu kindi gihe utegerezwa kuba ufise ishusho itandukanye no kutagora abakinyi bawe no kubabaza uti ni igiki cabaye, hari igihe naba nakosheje ariko abakinyi bose bategerezwa gukora neza”.

Mwomenya ko Manchester City gushika ubu iri mu kibanza ca kabiri ikaba irushwa amanota 7 n’umugwi Liverpool wo uri mu kibanza ca mbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891