homepagekirundikirundi_Sports

Aigle Noir yakuye abakinyi bayo mu ntamba mu rugamba

 

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 23 Munyonyo 2019 niho ubuyobozi bw’umugwi wa Aigle Noir bwandika ku rubuga ngurukanabumenyi bwawoo y’uko abakinyi ba Aigle noir batazokwitabira inkino za CECAFA Challenge cup zizobera mu kwezi kwa Kigarama mu gihugu c’Ubuganda bivanye n’uko muri uko kwezi bazoba bariko barakora imyimenyerezo yo gushira ku rugero rwo hejuru abakinyi babo.

Honorable Reveriyano Ndikuriyo asanzwe ari umukuru w’inama nkenguzamateka akongera agatwara umugwi Aigle Noir the Fighters ndetse n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yanditse agira ati

“Kubijanye nibivugwa kwihamagarwa ry’abakinyi ba AIGLE NOIR C.S THE FIGHTERS, Twobamenyesha ko guhamagarwa ari kimwe, kwitabira akamo bivana na Programme y’umurwi. Ivyo tuzi muri AIGLE NOIR C.S nuko hategekanijwe IMYIMENYEREZO YO GUSHIRA KU RUGERO RWO HEJURU ABAKINYI DUFISE N’ABANDI BAGIYE KWIYUNGA N’UMURWI.

Abantu botekana kuko abakinyi ba AIGLE NOIR ntibazoba disponibles tout le mois de Décembre.
Ababijejwe muri Federation borondera abasubirira abo 7 ba AIGLE NOIR bari batumweko.

“We are eagles we are the Fighters, we are the Champions “

AIGLE NOIR C.S THE FIGHTERS

Direction

👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇👇🤣🤣🤣

🇧🇮Intamba mu Rugamba CECAFA 2019🇧🇮

Imigwi yaserukiwe kuruhe rugero kurutonde rw’abakinyi bahamagawe gutegura izo nkino kuva le 25/11/2019 ?

Aigle Noir:7/29
Messager Ngozi:5/29
Musongati :3/29
Kayanza United:2/29
Bumamuru 2/29
Athletico 2/29
LLB 2/29
Buja city 1/29
Rukinzo 1/29
Flambeau du Centre:1/29
Vital’o 1/29

⁉Ubwo abakinyi bahamagarwa baravye urugero bariko muri kubu canke bahamagarwa harabwe izina zivyo bakoze muri kahise??

⁉Uravye urugero Aigle Noir iriko(9è Primus ligue selon Burundi sport.com) ubwo niyo yarikwiye kugira abakinyi benshi gusumba iyindi mirwi??

⁉Uravye urugero Flambeau du centre iriko(2è) ubwo yarikwiye kugira umukinyi umwe gusa muri 29 bahamagaw??canke BS Dynamique (6è) ikabura umukinyi numwe uwuri kukibanza c’9 afisemwo abakinyi 7 ??

Mudufashe kwishura ivyo bibazo muduhe nivyiyumviro vyanyu kucoba carisunzwe.bikaba bitabereye mbe hoho hakwiye gukorwiki??

🇧🇮🇧🇮Intamba ni izacu🇧🇮.

Ivyo vyose bikaba vyaje inyuma y’imyidogo myinshi ku bakunzi bumupira w’amaguru mu Burundi bivanye n’uko mu rutonde rwari rw’abakinyi bari bahamagawe gutegura iryo higanwa rya CECAFA haragaragaye abakinyi bashika kuri 7 ba Aigle Noir the Fighters mugihe uyo mugwi utari mu bibanza vyiza mu rutonde gw’ingene imigwi igenda isumbasumbanya ibibanza muri Primus ligue Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871