East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundi

The Ben yoba yikoze kuri Otile ngo amucire icanzo

Inyuma ya Vazi, the Ben yikoze kuri Otile Brown wo muri Kenya ngo bakorane akaririmbo.

Inyuma y’akaririmbo Vazi yakoreye ku mugabane wa Amerika, The Ben asubiriye kandi gushira ahabona akandi karirimbo gashasha. Ako karirimbo kakaba kiswe Can’t get Enough.

Muri ako karirimbo ntiyaririmvye wenyene, kuko yarikumwe n’umuririmvyi w’urunganwe rushasha rwo mu gihugu ca Kenya, ariwe Otile Brown. Uwo akaba ari mu bagize igihe bakora bigashimwa mu midiho itambika, iyo nayo ikaba isa n’iyitamenyerewe cane muri ico gihugu.

Nkuko bizwi ko bigiye cane kwinjira mu muziki wo mu gihugu ca Kenya co kimwe na bimwe mu bihugu bibanyi vyaco, The Ben ashobora kuba yamwikozeko ngo bikunde amucire icanzo muri uwo muziki wo mu gihugu ca Kenya.

The Ben akaba asohoye iyo ndirimbo inyuma y’imisi itari mike asa n’uwudasohora Collabo kuko iyo yaheruka gukora ari iy’indirimbo Thank u my God yakoranye na Tom Close, iyo ikaba yasohotse haraheze imyaka ibiri.

Iyo ndirimbo ikaba yarakunzwe cane, bica binayiha ikibanza ca mbere ku rubuga rwiwe rwa YouTube, aho imaze kurabwa incuro zirenga imiliyoni 3, izisigaye zibarizwa kuri urwo rubuga zikaba zitanashikana imiliyoni 2.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769