Mu gihe ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 07 Kigarama 2019 mu gihugu c’Ubuganda hategekanijwe kuzobera ihiganwa rya Cecafa Challenge Cup Senior y’imigwi nserukira gihugu ariho izoba itanguye, abajejwe gutunganya iryo higanwa bamaze guhindura ukungene imigwi izosangira amatsinda bivanye n’imigwi imwe imwe yiyomoye muri iryo higanwa nka Ethiopia, RD Congo hamwe na Soudan y’epfo.
Abatwara CECAFA Challenge Cup bakaba baciye bakora amatsinda abiri gusa ariyo A na B.
Intsinda rya A harimwo imigwi nka :
-Uganda
-Burundi
-Erithrea
-Somali
-Djibouti
Itsinda rya B naryo harimwo imigwi nka :
-Tanzania
-Soudan
-Kenya
-Zanzibar
Ikiranga misi c’inkino Uburundi buzokina akaba ari iki gikirikira :
-ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 7 Kigarama : Intamba zizokina n’Ubuganda
-Ku wambere igenekerezo rya 09 Kigarama : Uburundi buzokina na Erithrea
-Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 11 Kigarama : Uburundi buzokina na Djibouti
– Ku musi w’imana igenekerezo rya 15 Kigarama : Uburundi buzokina na Somalia.