BurundiDon BrigtherhomepageJusticekirundiprimusic-burundisociete

Uko ishirahamwe “Ntabariza-SPF” ryakiriye ingingo iherutse gufatwa n’umukuru w’igihugu

Ishirahamwe ryitaho agateka k’abanyororo hamwe n’imiryango yabo “NTABARIZA-SPF” ryaramutse ritunganya ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho ryari ryipfuza gushikiriza uko ryakiriye ingingo y’umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yo gutezurira no kurekuza bamwe bamwe mu banyororo.

Jean Marie Nshimirimana aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe “NTABARIZA -SPF” ari nawe yaremesheje ico kiganiro, yashikirije ko ishirwa mu ngiro ry’ingingo yo kurekuza bamwe bamwe mu bapfungwa umukuru w’igihugu akunze gufata mu mpera z’umwaka ko yamye yibonekezamwo utunenge tutari duke akipfuza rero ko tutokwama hahandi uwu mwaka hokorwa ibishoboka vyose kugira ngo utwo tunenge ntidusubire kwibonekeza.

Aha yatanze akarorero nk’ak’umupfasoni yibungenze aba ari mu bahawe ikigongwe co kurekurwa imbanyi yiwe ifise amezi atatu yamara akazoza gusohoka ibohero yaramaze kwibaruka, ati urumva ko ivyo biteye agahinda kadasanzwe. Eka ngo hari n’aboba batarekurwa kandi bari bakwije ibisabwa vyose vyotuma iyo ngingo ibakorereko yamara ntibaheze ngo barekurwe, akibaza ko hoba harimwo na ka mwana wa mama.

Jean Marie Nshimirimana yabandanije atera akamo ubushikiranganji bw’ubutungane bwo bujejewe gushira mu ngiro iyo ngingo ko bwokwikubita agashi bugakora ibishoboka vyose kugira abo banyororo barekurwe mu maguru masha. Eka n’umugwi wamaho ujejwe kuraba ikibazo c’abapfungwa yawusavye nawo nyene ko wokorana vuba na bwango muri uku kwezi kwa nzero wihweze ico kibazo.

Nayo ku ruhande rw’ishirahamwe “NTABARIZA-SPF”, ngo baramaze gutegekanya uburyo bazofashisha abo bapfungwa bazorekurwa na canecane mu kubafasha kwiyunguruza gushika mu miryango yabo, kubaha utwo boba barifashisha mu mezi atandatu ya mbere mu kurindira ko ivyo baba bararimye bibashikira hamwe no kuzotunganya inyigisho zizobafasha kubana neza mu miryango bazoshikiramwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 767