Burundihomepagekirundisecurity

Cibitoke : Abantu 26 bitavye Imana abandi icumi barabura irengero

Imvura yaraye iguye yaraye ihekuye imiryango itari mike muri zone Nyamakarambo komine Mugina mu ntara ya Cibitoke.

Haraciye imisi ibiri mu gihugu nka cose hagorobeza imvura idasanzwe, iyaguye ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu waraye uheze yo ikaba yasize ku ngoyi imiryango itari mike mu ntara ya Cibitoke.

Ku makuru ashikirizwa n’ubushikiranganji bw’umutekano, gukinga no gutabara mu gihe c’isibe n’ibiza bumenyesha ko iyo segenya yasidaguye imisozi ahitwa Nyempundu, Gikomero hamwe na Rugombo yose yo muri zone Nyamakarabo komine Mugina mu ntara ya Cibitoke.

Gushika ubu mu giporisi bamenyesha ko ibiharuro bafise bigeze ku bantu mirongo ibiri na batandatu bamaze kwitaba Imana, abagera kuri indwi barakomereka nayo abashika kuri icumi barabura irengero, bakaba bakiriko bararondera ko bobatora.

 Hambavu yo guhitana ubuzima bw’abantu, iyo segenya kandi ntiyasize inyuma amazu hamwe n’imirima.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764