homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Atagihindutse Mbappe buca yerekeza muri Real Madrid

Naho bikigoye kwemeza, ariko ngo ibimenyetso vyerekana ko ata gikozwe, Mbappe ashobora kwerekeza umwanya n’umwanya mu gihugu ca Espagne I Madrid kwa Zinedine Zidane.

Kylian Mbappe ashobora kuja muri Real Madrid mu mwaka uza nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Foot Radio abishikiriza.

Ayo amakuru avuga ko bitakiri ikinyegezwabanga, ko uwo murwi ushaka kwiyegereza uwo mukinyi w’umufaransa, ariko naho bivurwa ko bishobora kugorana ngo icizere kiracahari.

Igituma bagumana icizere ngo nuko uwo mukinyi muri kino gihe batabanye neza n’umumenyereza wa PSG. Ukwo kutumvikana kandi ngo kwoba atari ukw’ubu Vuba kuko vyoba bimaze imisi, kuva Season ya 2018-2019 itangura.

Abegereye uwo mukinyi hamwe n’uwo mukinyi nyene ngo boba bataryohererwa ivy’uwo mumenyereza kuko atakimukinisha bihagije kugira abashe gutera imbere mu kurondera ubushimwe butandukanye burimwo ikirato c’inzahabu.

Iyo rero ngo ikaba ushobora kuba intandaro ya Mbappe kuva muri uwo murwi. Ariko bikagora kwemeza uwo uburongozi bwa PSG buzohitamwo hagati yiwe n’uwo mumenyereza w’umudagi.

Mukibukako na Neymar nawe hari urukurukuru ko nawe ashobora gukinjura umwanya n’umwanya muri uwo murwi wo mu murwa mukuru w’Ubufaransa, ufiswe mu ntoke n’abagwizatunga bo mu gihugu ca Qatar.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871