homepagekirundikirundi_Sports

Saido Berahino agiye gusubira mu kibuga

Inyuma y’indwi zine adahonyoza ikirenge mu kibuga kubw’imvune yaronse kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino agiye gusubira kuboneka mu kibuga mu rukino ruza kubahuza na Kaa Gent kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 07 kigarama 2019 isaha zitatu z’ijoto 21h00.

Ni inkuru nziza mugwi wiwe wa Zulte Weregem asanzwe akinamwo ndetse no ku barundi muri rusangi.

Berahino n’umwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba babuze mu nkino zibiri z’intamba ziheruka zo kurondera itike yo kwitabira inkino za CAN 2021 aho Uburundi izo nkino yazitakaje zose.

Ibura ry’uyo kizigenza Saido Berahino , David Nshimirimana hamwe na Nsabiyumva Fréderic hamwe na Nduwarugira Christophe bikaba vyabaye muri bimwe vyatumye Uburundi butaja mukibanza ciza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871