Burundihomepagekirundipersonal developmentUrwevuyouth

#Urwevu| Ikindi gitumye abakene dukenye : Tubuze ibise bikwiye mu buryo bw’ibishobisho.

Mu gitato citwa “One minute  millionaire” canditswe n’abitwa MARK VICTOR HANSEN hamwe na ROBERT G.ALLEN barerekana amabanga batoye mu bijanye n’ironderwa ry’amafaranga. Ivyo rero ni ivyo ngo bagenderereje bafatiye muvyo baciyemwo. Ayo mabanga rero bayise “AHAS” ibi navyo bikaba bihuye na harya utora ibanga ry’ikintu utari uzi maze ugaca utangara uti ” AHA”. Muri ayo mabanga rero bise aha ashika 24, iryambere rivuga riti ” Everyone manifest”. Mu gusigura rero baraheza bakamenyesha ko mubisanzwe ibi turimwo ari ivyamwa vy’urusukirane rw’ivyiyumviro twagiye turatera mu mutwe bwa ngemwe. Barongera bati, ugasanga uwu musi uri umukene, ntahandi bwavuye atari muri wewe nyene.

Eka na ca gitabo dukunda kugarukako,” Think and Grow Rich ” canditswe na Napoleon Hill, arerekana ko ivyiyumviro vya muntu ari inkota ikarishe cane mu kiringo aba abitumbereje ku kintu kimwe mbere agaheza akumirako kurya kw’ikibugu.

Usomye naho igitabo citwa ” The 12 universal laws of success” usanga uwitwa HERBERT HARRIS nawe nyene avuga uko nyene muco yise ” The Universal law of though and manifestation”. Aha adusigurira ko , ivyiyumviro vyacu biza kuzovamwo ivyimburwa bifiraniye isano n’ibishobisho( emotions) vyacu. Aha naho arasigura ati, umwimbu rero uraheza ukaba ufitaniye isano n’uko twebwe nyene twomva tuba twiyumva, agaciro twebwe nyene twiha. Aratanga akarorero ati, nko mu kiringo woba wumva ko ukwigenga mu buryo bw’amafaranga ariyo ntumbero ufise mu buzima bwawe, yamara ngo mu gatimatima kawe ukumva umengo ntubikwiye, ngo uzoheza ukore ibishoboka vyose yamara ivyo wifuza ntibizoba.

Abasokuru bacu nabo barasize baduciriye imigani nayo nyene isa n’ivyo nyene nk’uku ngo ” AKICA URUGO KARUVAMWO” canke ngo ” NTAWUHOMERA IYIYONKA” , kuko bigaragara ko kenshi ibitubako bwa nkurikizi biba bivuye kuri twebwe nyene.

Umuntu rero vyose abishize hamwe arashobora kwiyumvira igituma abantu benshi tudateye imbere cane nk’uko abandi bari. Amamuko ari mu buryo rero bw’ibishobisho. Ntidufise uturorero dukwiye tw’abashitse ku masonga benshi duheza tukisunga. Turaheza rero tukaraba maze tukabona benshi mu badukikije ni nkatwe maze tugaheza ahubwo tukararama duti nyabuna turi ibihangange. Gutyo turaheza tukumva umengo turatunganiwe. Eka na basokuru nyene barasize iyindi migani ica iza ikatworohereza muri iyo nzira nk’uko ” AMATUNGO MENSHI AZIBA AMATWIWORYA BIKE UKARYAMA KARE”.

Nta bise bikwiye dufise mu buryo bw’ibishobisho ngo twinanate, duhaguruke maz twitange dushikane. Benshi turi abakene muga ntavyo tuzi. Benshi ntitwihutira kwigereranya n’abari hejuru yacu, nyabuna twirabira isinzi ry’abandi benshi bari inyuma yacu hariya mu kabande, gutyo agatwe tugaca tunega ngw’emama jeho na mitende.

Mu gitabo canditswe citwa ”  7 STRATEGIES FOR WEALTH AND HAPPINESS” canditswe n’uwitwa JIM RHON nawe nyene yarabonye ko ibishikana umuntu ku masonga biri mu bishobisho vyiwe nyene. Araheza rero agatanga ubuhinga bwoshobora gutuma wongereza ibise mu bishobisho. Agira ati, ugasanga waramaze gutegekanya ikintu ushaka gushikako, eka dufate nk’amafaranga ushaka kuba ufise mu kiringo wihaye, ngo woheza misi yose ukama utora urupapuro ukandika ibintu vyose ubona uzoheza ukaronka mu kiringo umaze gushika kuri ayo mafaranga. Avuga ati wokwandika ikije mu mutwe cose utitangiriye. Ivyo ngo umaze kubikora kenshi uzosanga uriko urakabura ibishobisho maze vyose biheze bihagurukire gushika kuri ivyo bintu.

IKINDI KIZOTUMA ABAKENE TUVA MU BUKENE NI UGUSOMA IBITABO VY’ABASHOBOYE KUBUTSINDA.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765