BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emery sun yagiriza bamwe mu barabwa cane kuri YouTube kugura Views

Emery Sun avuga ko Views afise kuri YouTube ari iziwe, ngo sico kimwe na bamwe bamwe bazigura kugira bagire iz’umurengera.

Kuba ata Views nyinshi afise ngo nta bwoba bimutera kuko ntanabiraba cane. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Emery sun mu kiyago yagiranye n’imboneshakure Ejo Heza News.

Muri ico kiganiro, bagarutse Ku ndirimbo yiwe nshasha yakorewe amasanamu ariko biboneka ko itariko irarabwa cane, ugereranije n’uko abandi zirabwa.

Uwo muririmvyi, avuga ko we ashima kugumana bike vyiza, apana ko agira vyinshi bitagira akamaro. Aho akabisigura yisunze ko abarabwa cane, harimwo bamwe bagura Views, ugasanga zaraduze cane.

Emery sun akaba ari umwe mu baririmvyi b’urunganywe rushasha bamaze igihe mu muziki, Emery akaba yavuze muri ico kiganiro ko amaze imyaka 10 muri uwo muziki.

Emery sun akaba abishikirije inyuma yaho Kidum nawe ashikiririje ko ukugira Views nyinshi kuri YouTube bidasobanura ko aba ashoboye mu muziki, akaba yavuze ko hari benshi bafise nyinshi ariko abasumba mu muziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775