Imikangara gitsina gabo bashika 26 bose nibo bimenyeshwa ko bafashwe n’igipolisi c’idini ya ISLAM muri Nigeria , neza na neza mu ntara yitwa KANU, aho ngo bari bakoraniye bari mu misi mikuru.
Nk’uko rero icegera c’umukuru w’ico gipolisi muri ako karere abimenyesha ku kinyaakuru BBC AFRIQUE , ngo iyo mikangara ikaba yafashwe ku musi wa mungu uheze.
Iyo nyamiramabi kandi igira ati ni ibiterasoni kubona iyo misoresore yagize inyifato itabereye ikiyambika imyambaro y’abapfasoni.
Imbere y’ukubemerera ko bashikirizwa mu minwe y’abavyeyi babo, Ico cegera c’uwurongoye igipolisi muri ako karere yabanje kubatekerera impanuro mu kubibutsa ko iyo nyifato ifise inkurikizi mbi mu buryo bw’impwemu( conséquences spirituelles).
Amakuru dukesha BBC news,