homepageInkinokirundikirundi_Sports

Ndikumana Seleman yavuze icatumye avavanura na Azam Fc

Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 18 Kigarama 2019 niho ku rubuga ngurukana bumenyi Facebook bw’umugwi Azam Fc ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda wandika y’uko wahisemwo kuvavanura n’uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Seleman kumvo z’uko atigeze aronka umwanya ukwiye mui uyo mugwi kandi ngo barumvikanye ku mpande zose uko ari zibiri uranamwimwipfuriza urugendo rwiza mu kazi kiwe.

Inyuma yaho Ndikumana Seleman yaragize ico ashikirije mu gutanga impamvu yatumye ava muri uyo mugwi .

Ari ku murongo wa terefone w’abagenzi bacu babamenyeshamakuru b’inkino Mutama Rashid Alfred hamwe na Vuvanca Ntagasigaye b’insamirizi Rema Fm uyo mukinyi yavuze ko ariwe yahisemwo guhagarika amasezerano n’uyo mugwi Azam Fc bivanye n’uko batigeze bamukinisha mu nkino z’ihiganwa ryo muri Tanzania kuva aho umumenyereza Etienne Ndayiragije avuye muri uyo mugwi niho guca abona y’uko yohagarika amasezerano yo gukinira uyo mugwi akaja mu mugwi bazomuha ikibanza co gukina.

Akaba yagize ati :

“Ni jewe nahisemwo guhagarika amasezerano n’umugwi Azam Fc kuva aho Etienne Ndayiragije aviriye muri uyo mugwi inkino nkinishwa ni inkino za kivandimwe hageze inkino z’ihiganwa sininjira no mu bakinyi 18 niho nabonye y’uko bizohava bitera ingorane nkatakaza ayandi mezi atandatu nicaye hanze ntakina”.

Abajijwe umugwi ashobora kujamwo akaba yishuye ati :

“Si ukuvuga ko mpevye umupira nshaka muri aya mezi atandatu nzoje mu mugwi naho woba muto ariko nkine naho vyoshika nkahagarika mu misi iri mbere mpagarike ndiko ndakina mugabo muri kino gihe siniteze guhagarika umupira kuko ndacafise inguvu zo gukina mu misi iri mbere muzomenya umugwi nzojamwo muzobibona ku buhinga nkurukanabumenyi mugabo muri kino gihe sinovuga umugwi nzojamwo”.

Ndikumana Seleman akaba yahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba mu myaka iheze akaba yarawukiniye mu kiringo c’imyaka 14 .

Niwe mukinyi wa mbere w’umurundi yakiniye imigwi itari mike aho muri Africa yakinye mu Burundi , Urwanda, Tanzania, Angola hamwe na Soudan nayo iburaya yakinye mu’Ububirigi hamwe na Norvege, mu barabu naho yakinye muri Arabie Saoudite hamwe na Qatar.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871