BurundiEntertainmenthomepagekirundi

AAFISA ashize Big Fizzo mu gitigiri c’ibisuma nka Diamond Platnumz

Big Fizzo nawe ashizwe mu gitigiri c’abasuma nka Diamond Platnumz aheruka kwagirizwa ubusuma na benewabo bo mu burengero bwa Africa.

Ku rubuga rwa Facebook rwa Manager Jackson, haheruka gushirwako Post yagaruka kw’ibura ry’agahembo ka Diamond Platnumz mu mahiganwa ya BET Awards.

Uwo Mugabo Ari mu bashira amafaranga Atari make mu baririmvyi, akaba yanditse agira ati :” Nagumye nibaza kenshi igituma Diamond Platnumz bataramuha BET Awards. Kumbe ibi bintu vyo gushishura bifise ingaruka nyinshi, Professionally, Kuri Carriere y’umuririmvyi. ni Danger.”

Ubwo butumwa ababubonye ntibabwirengagije, kuko habayemwo impari zitari nke, ku bandi Bantu basanzwe bakora nkivyo uwo muririmvyi w’umunya Tanzania asanzwe Akora.

Bamwe bakaba bavuze ko ibura rya BETAwards ritava Kuri ico, kuko ngo hari abandi baririmvyi nka Burna boys na Wizkid n’abo bashishura, ariko ngo bo bahabwa ubwo bushimwe.

Impari zabandanije ziba nyinshi aho havuzwe ko ukwo bita ugushishura kw’abaririmvyi nka Burnaboy, bitandukanye n’ukwa Diamond kuko bo bakora ivyo bita Sampling.

Mu bisuma vy’indirimbo vyavuzwe, umuririmvyi AAFISA aba aheruka gushikiriza ko Big Fizzo nawe Ari mu gitigiri c’abaririmvyi biba Indirimbo, naho atatanze uburorero nkuko ahandi babikoze.

Uyu akaba yaranigeze kuvuga ko Big Fizzo atashatse kuvyemera ariko ngo Indirimbo What’s my name Ari Indirimbo we yayanditse, Kandi ko amaze no kumwandikira izitari nke. Ivyateje uruhagarara imisi itari mike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 759