BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Mista Champagne bamutukiye Kuri Kajala wiwe

Mista Champagne ntiyorohewe ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho yabaza nimba mu kwezi kw’8 yosubira Kandi kugarukana Kajala hano iwacu.

Uwo Mugabo bisanzwe bizwi ko afise amamuko muri Congo, ntiyorohewe n’abashobora kuba Ari aba Congoman, aho bamubwiye ko uwo muntu batamukeneye.

Bamwe bavuze ko aho hakurya muri Congo ngo hari abakobwa beza cane gusumba uwo mugore w’umunya Tanzaniya ngo asanzwe Ari na mugufi.

Abandi bamusavye guhagarika kuguma agarukana Uwo mugore, kuko ngo Atari n’umuririmvyi Kandi hariho abaririmvyi Nka Zuchu bakenewe mu gihugu.

Mista Champagne yanabwiwe ko ivyo ariko aravuga ataco bashobora kwumva, kuko ngo mu babashije gutumirwa mw’isabukuru ry’amavuko rya Kajala atabashije kujamwo.

Abandi n’abo bakaba bamusavye guhagarika kwiheka Kuri Kajala kugira abandanye aronka ama Views co kimwe n’abamukurikirana Kuri izo mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Igituma aba bavuga uku, nuko buri gihe iyo uwo muririmvyi abashije kugarukana uwo mugore yahoze agendana na Harmonize, ivyo aba yanditse, co kimwe n’imbuga ziwe, zivugirwako cane n’abafana, kuko habamwo ukudahuza.

Uwo Mugabo akaba abwiwe ivyo mu gihe yaheruka gushikiriza ko Vuba cane agiye kuja muri Tanzania kuja kurondera gutanga inkwano muhira Kwaba Kajala.

Ku batavyibuka, TikTok ya Mista Champagne yabashije gukwiza abayikurikirana 100,000 inyuma yaho atanguriye kuvuga Kuri Kajala, ariko Kandi urwo rubuga nyene rukaba rwarabashije kuronka video nto bakoze na Kajala mu mwaka uheze aza mu Burundi, iyo video ikaba yabashije gukwiza Views 1,000,000 mu misi 3 gusa.

Ubu rero nta wuzi ko Mista Champagne agiye gusubira Kandi guhamagara uwo mugore yari yambaye imvutano mu mwaka uheze aza mu giteramo yari yateguriwe, canke ko kwari ukwikinira gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760