Burundihomepagekirundi

Tweet ya Miss Lellie itumye bamuyanga nk’inyama 

Ndayizeye Lellie Ari nawe Miss Burundi 2023, baramugabuye Inyama Kubera Twitter aheruka kwandika.

Uwo mwigeme yatwaye igitsibo ca Miss Burundi 2023, aheruka kwandika Kuri urwo rubuga ruheruka guhabwa akazina ka “X” na nyenerwo Elon Musk, Ati :” Ndabasuhujije.”

Mu barenga 4500 bari bamaze kubona iyo Tweet gushika twandike ino nkuru, abatari bake bakaba bagize ico bayishikirizako, aho bamwe bamwikirije, abandi basa n’abamutera amabuye.

Nkuko twabashije kubibona,bamwe bamukebuye bamubwira ko iryo jambo mu kirundi ritabaho, baca bamuha amajambo yari gukoresha.

Abandi bibajije nimba yoba azi ikirundi, bamubaza igituma yashimye gukoresha ikinyarwanda. Ariko abandi bamwibukitsa ko Ari Miss Burundi, akwiye Kuza aravuga ikirundi.

Miss Burundi ntibamugejeje ayo kuko harimwo n’abamwikirije, bishoboka ko bari abanyarwanda. Ariko hanabamwo n’abanyarwanda bamubwiye ko naho yagerageje kwandika ikinyarwanda, ngo Atari uko bacandika.

Uwo mwigeme muri abo bose bagiye bavuga ayamuhe, yishuyemwo umuntu umwe nyene, naho nyene Akora Retweet, iy’ivyo yamwishuye.

Ibi bikaba bibaye inyuma yaho bamuvugiye bikomeye kubera imodoka yiwe nayo iheruka kuboneka itondeye igitoro mu gisagara ca Bujumbura.

Ababashije kugira ico babivuze, bibajije uko bigenda ngo Miss Burundi abashe gutondera igitoro, Kandi hariho ibitoro yemerewe buri kwezi.

Uwo mwigeme akiri muto akaba ku rubuga rwa Twitter nawe yishuye ko Ari I isa ziwe kuko nawe Ari Umurundi, ariko Kandi ngo impamvu yatondeye igitoro, ngo nuko ico bamuhaye ngo caheze, hari hageze ko agura iciwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 748