BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Aba Diaspora ngo baragisibije muri ino misi

Aba Diaspora ngo baragisibije hano I Bujumbura muri ino misi, ivyo n’ibishikirizwa na bamwe mu ncuti z’abafise abakunzi muri abo barundi baba hakurya y’amazi.

Ivyo bikaba bivugwa bisunze ko ngo abarundi bafise abakunzi muba Diaspora batacerekwa incuti zabo bahorana hano, kubera ngo baba bariko batanga “ care ” kuri izo ncuti zabo baba baherukana kera.

Ukwo gusubira kandi kubonana ngo kwaje mu gihe ciza kuko muri uku kwezi kw’12 hari haramutse hategurwa ihiganwa rya Rally Ngozi, igikorwa gikundwa n’abanya Bujumbura batari bake.

Laly Gomez incuti ya hafi ya Alvin Smith nayo iri mu bidoga bikomeye, igituma ngo nuko incuti yiwe atakiyibona muri ino misi. Imvo n’imvano ngo nuko umukunzi wa Alvin Smith yamaze gushika, uwo nawe akaba Ari muri baba Diaspora, akaba yaciye amwigarurira.

Ivyo bikaba bishimangirwa n’amashusho agize igihe aboneka ku rubuga rwa Instagram rw’uwo muririmvyi, aho ikibanza ca Monna, Preeze 36, Laly Gomez canke izindi ncuti ziwe zakunda kuboneka kuri urwo rubuga basohokanye, bariko baryoherwa hamwe, batakiboneka cane ariko haguma umwigeme umwe gusa.

Uwo mwigeme akaba ari Nirna, izina dukesha urubuga rwiwe rwa Instagram. Uwo akaba ariwe yatumye Alvin Smith ahabwa muri ino misi akazina ka “ndimurukundo”.

Ishusho y’uwo mu Diaspora yigaruriye Alvin Smith rikaba ryatanguye kuboneka ku rubuga rwa Instagram rwa Alvin guhera igenekerezo rya 15/12, aho babonetse bari basohotse. Inyuma yaho akaba ariwe yahavuye aba umwamikazi w’urwo rubuga.

Mwomenya ariko kandi ko umuzo w’abo barundi muri ino misi ushobora kuba ufitanye isano n’uko muri ayo mahanga basuhukiyemwo muri ino misi hatifashe neza. Igituma nuko ibihugu bitari bike bitazobasha guhimbaza imisi mikuru y’impera z’umwaka, kubera ikiza ca Corona kibarembeje, bigatuma ivy’imisi mikuru bidahabwa ikibanza gikomeye, bitandukanye na hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776