BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abakiri bato mu muziki nibo batumye Nziza Desire aja mu gacerere 

Nziza Desire ngo abantu nibitege ibikorwa vyiwe vuba, kandi ngo hari n’umuririmvyi wo mu bwongereza bagiye kuzokorana indirimbo.

Agacerere yaragize imisi arimwo ngo gasigurwa nuko yashatse gusigira ikibanza abakiri inyuma yiwe nabo ngo baronke akaryo ko kumenyekana. Ivyo biheruka gushikirizwa na Nziza Desire mu kiganiro na Betv.

Muri ico kiganiro,Desire avuga ko imvo itari iyo yonyene ngo kuko mu mahanga aho ari hari vyinshi bimufatira birimwo amashure n’ibindi. Yongeyeko ko anafata akanya ko kwandika ngo asohore indirimbo zitazogenda nk’ifu y’imijira ahubwo zizoramba.

Nziza yanagarutse Ku ndirimbo ariko arakora aho avuga ko hari umuririmvyi wo mu bwongereza agiye gukorana nawe mu musi ya vuba.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yaramaze igihe ataboneka mu muziki ndundi. Aho uturirimbo nk’ibishimbo n’ibigori aritwo twaheruka kwumvikana cane mu ndirimbo ziwe zose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775