BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abakobwa baraba R Flow bahawe gasopo

Kuri uyu wa kabiri habonetse amajambo y’urukundo ateye igomwe yandikiwe umuririmvyi Kadjimunda Florin benshi muri nka R Flow.

Muri ubwo butumwa vyabonetse ko bwasangijwe abantu ku rubuga rwa Whatsapp, umukobwa tutarabasha kumenya uwariwe, yanditse kuri urwo rubuga ko abantu batohirahira ngo bakenere kubatandukanya kuko Imana yamaze kuvuga EGO NINI cane.

Muri ubwo butumwa nyene uwo mwigeme yemeje ko ariwe wenyene ari mu mutima wa R Flow, kandi ko gutandukana kwiwe na R Flow ari nk’ukurondera umuziki w’ibuye.

Uwo mwigeme nyene yanditse kurya ata wabahuje, ariko ata n’uwuzobatandukanya.

Muri ubwo butumwa kandi habonetse inkumbu uwo mwigeme afitiye umukunzi wiwe R Flow, igishoboka ko uwo mwigeme ashobora kuba atari hafi yiwe.

Twashatse kumenya impamvu uwo mwigeme atarabasha gushirwa ahabona n’uwo musore akundwa n’inkumi zitari nke, isoko ryaduhaye amakuru y’ubwo butumwa ritubwira ko ari umwumvikano wabaye hagati ya R Flow n’uwo mwigeme.

Iryo soko ryacu ryatubwiye ko bose uko ari babiri batipfuza gushira ahabona ivyabo, kuko ngo abansi b’uwo mubano wabo boba benshi.

Ico gushira ahabona umukunzi wiwe, R Flow akaba yarigeze kucishurako ko atagisubira kuko yabonye aho vyamugejeje aho yerekaniye ivy’ubucuti bwiwe na Chany Queen.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775