homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Abakunzi b’intamba basaba FFB kudandaza ama tike hakiri kare

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryatewe akamo n’abakunzi b’intamba mu rugamba .

Mugihe hasigaye imisi mike kugira u Burundi butane mu mitwe n’igihugu ca Gabon mu rukino rwo kurondera itike ryo gukina inkino zanyuma za AFCON 2019 zizobera muri Misiri , abakunzi b’intamba mu rugamba basaba ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ko ryodandaza amatike y’urwo rukino hakiri kare.

Ivyo bakaba babiganiriye ikinyamakuru mu bigaganiro bamazimisi bagirana mu ntumbero yo kuraba uko bokwitabira ku bwinshi urwo rukino bagashigikira Intamba mu rugamba zigatahukana intsinzi. <<Urukino rw’intamba mu rugamba na Gabon rukaba ari urukino rukomeye cane Ku barundi bose na cane cane abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi.

Abo bakunzi bakamenyesha ko bakwiye guhagurikira rimwe kugira bazoze kwifadikanya n’abakinyi bagashira akaruru hejhejuru kuva Ku munota wa mbere gushika Ku munota wanyuma, kugira barabe ko bokwitabira ubwa mbere igikombe ca Afcon >> Baragira bati:” Dusavye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ko ryodandaza amatike hakiri Kare kugira twirinde umusunikano uzoba uyo musi Ku bibanza vyose bizoba ahadandarizwa amatike, tukaba dusavye ko ni miburiburi bodu

Abo bakaba ari bamwe mu bakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi barindiranye igishika urwo rukino rw’intamba na Gabon. Intamba mu rugamba zikaba ziteze kwandika amateka zigatera iteka igihugu aho basabwa kuronka itsinzi canke inota rimwe kugira bitabire Afcon 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871