homepagekirundi

Abamnyeshamakuru b’inkino 6 nibo bafashe urugendo berekeza mu gihugu c’Urwanda

Abamenyeshamakuru 6 b’inkino bakorera mu Burundi nibo bitabiriye Ikiganiro c’abanditsi n’abamenyeshamakuru kiza kubera i kigali mu gihugu c’Urwanda.

 

Kuri uwu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 08 Munyonyo 2023 igihe c’isaha zitatu zo mu gitondo ( 9h00) niho abamenyeshamakuru b’inkino 6 bafata urugendo berekeza mu gihugu c’Urwanda bari kumwe n’indongozi zirongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi ( FEBABU) .

Urugendo rwabo rwari rwerekeye kwitabira Ikiganiro c’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru kiza gukorwa n’indongozi z’umupira w’amaboko mu Rwanda ( FERWABA) mu ntumbero yo kubasigurira ko hagiye kuba inkino zibiri za gicuti muri Basketball zigiye guhuza Uburundi n’Urwanda , inkino zitiriwe izina rya The Best Of Burundi hamwe na The Best of Rwanda , aho Uburundi aribwo buzotangura kwakira Urwanda igenekerezo rya 02 Kigarama 2023 , mugihe urukino rwo gusubiriza ruzoba mu Rwanda igenekerezo rya 09 Kigarama 2023.

Abamenyeshamakuru bashoboye kwerekeza mu Rwanda hamwe n’abasanzwe bari muri Febabu akaba ari aba bakurikira:

1) Dushime Belly Hervé : Ahagarariye urugendo
2)Nisabwe Armand : Uwuhagarariye kumenyekanisha ibikorwa vya Febabu
3) Bucuti Arsene : Uwujejwe Marketing muri Febabu
4 ) Indagirire Kellia : Uwujejwe ubutunzi muri Febabu
5) Kagabo Aaron: Umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu
6) Mizero Ernest : Uwujejwe gufotora muri Febabu
7) Gasutwa Davy Ulrich :Umumenyeshamakuru wa Iris News
8)Niyonkuru Suleiman : Umumenyeshamakuru wa Ejo heza FM
9) Nshimirimana Cadeau: Umumenyeshamakuru wa Rema Fm
10)Nzohabonayo Radjabu : Umumenyeshamakuru wa Radio Indundi Culture ( Indundi Tv)
11) Uwimana Noél : Umumenyeshamakuru wa Mashariki Tv
12) Vuganeza Jean Claude : Umumenyeshamakuru wa RTNB

Mwomenya ko ico kiganiro c’abanditsi n’abamenyeshamakuru kiza gukorwa kuri uyu wa kane igenekerezo rya 09 Munyonyo 2023 igihe c’isaha icenda (15h00) kuri Arena .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 739