homepagekirundikirundi_Sports

Umurwi Delta Star niwo ugiye gukina urukino ry’igice gishira icanyuma

Ni munkino zo kurondera imirwi izokina ihiganwa z’icicaro ca Kabiri mu gihugu c’Uburundi aho uzokina n’umurwi Musongati académie

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, Kw’igenekerezo rya 08 Munyonyo 2023, mu gisata c’iyungururizo rihejeje guca urubanza rwari hagati y’umurwi Barcelone FC ukina mu cicaro ca gatatu n’umurwi Delta Star urubanza rukavuga KO ugwari rwaciwe n’igisata kijejwe gutunganya amahigwanwa muri FFB rugumijweho.

Iyo ngingo ikaba yavuga ko umurwi Delta Star ariwo uzobandanya mu gice ca 2 gishira icanyuma mu ntumbero zo kurondera umurwi uzoduga mu cicaro ca Kabiri aho uzoca ukina n’umugwi Musongati académie wo mu ntara ya Gitega.

Umurwi Delta star wari watsinze Barcelone FC mu rukino rwa Kimwe ca Kabiri gishira icanyuma, Delta Star utsinda Barcelone fc ariko Barcelone FC uca witwarira Delta star KO wakinishije abakinyi bakuze muri iryo higanwa mugihe ngo bitemewe, ariko igisata gitunganya amahiganwa co cari cemeyeko abo bakinyi bakina.

Mwomenya ko ihiganwa ry’icicaro ca Kabiri rigiye gutangura kuri uwu wagatanu igenekerezo rya 10 Munyonyo uno mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 856