homepagekirundi_Sports

Basketball: Uburundi nibwo bugiye gutangura kwakira Urwanda

Abakinyi beza baranze ihiganwa ry’urukino rw’amaboko Burundi ( Basketball) mu mwaka wa 2023 bagiye gukina inkino zibiri za gicuti n’abakinyi beza baranze ihiganwa ry’urukino rw’umupira w’amaboko ry’umwaka wa 2023 mu Rwanda .

 

Hari kuri uwu wa Kane igenekerezo rya 09 umwaka wa 2023 igihe c’isaha icenda (15h00) kuri BK Arena mu gihugu c’Urwanda , aho Ishirahamwe B&B Sports Agence ryatunganije ikiganiro ku banditsi bamuka mu gihugu c’Uburundi hamwe n’igihugu c’Urwanda. Ico kiganiro kikaba cari citabiriwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’urukino rw’amaboko mu Burundi ( Febabu) Apôtre Jean Paul Manirakiza hamwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’urukino rw’amaboko mu Rwanda ( Ferwaba) Désire Mugwiza.

Urukino rwa mbere ruzobera mu Burundi igenekerezo rya 02 Kigarama 2023 ku kibuga Département des Sports , mugihe urukino rwo gusubiriza ruzobera mu gihugu c’Urwanda igenekerezo rya 09 Kigarama umwaka wa 2023 kuri Bk Arena .

Akabirya kazoba muri urwo rukino n’uko Umukinyi w’’Umurundi n’uwumunya Rwanda bazofatwa kumwe, Umuduga uzoba uri mu bwoko bumwe mu Rwanda no mu Burundi , Hotel , n’ibindi , ikindi n’uko uwuzotsinda uwundi hagati y’Uburundi n’Urwanda hari agashimwe gategekanijwe azohabwa.

Mwomenya ko muri izo nkino zibiri buri igihugu cemerewe gukinisha abanya mahanga 6.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775