BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abari hino ya Kanyaru ngo n’abatoroshe gusa

Abanyarwanda ngo boba bafise ico batinya ku barundi, kikaba arico gituma basa n’abashizeho imyugariro ku muziki w’abanyamahanga.

Mugani Desire mu kiyago aheruka guha bagenzi bacu, yavuze ko abanyarwanda abatahura mu ngendo bafashe yo gusa n’abatavuza indirimbo nyinshi z’abanyamahanga.

Muri iyo ngendo, indirimbo z’abarundi igituma ngo zishobora kuba ziza imbere y’izindi, nuko abo hirya ya Kanyaru barabizi ko Uburundi bufise ingabire zikomeye.

Uwo muririmvyi yabwiye Landry Promoter ko abanyarwanda babizi ko baramutse bemereye abarundi bakavuzwa cane i Kigali, ngo Isoko ryabo ryoba rigiye, kuko ingabire ziri ngaha ziteye ubwoba.

Big Fizzo muri ico kiganiro, akaba yanaboneyeho akaryo ko kubwira abamenyeshamakuru b’abarundi nabo ngo bahagaze neza cane, bahagarika kuvuza Indirimbo z’abanyamahanga mu gihe iwabo batavuza iz’abarundi.

Big Fizzo akaba yabishikirije mu gihe yariko abazwa ico yibaza ku mpamvu bahagaritse kuvuza indirimbo za hano iwacu mu Rwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775