BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abaririmvyi 3, bazozungurutswa na Dj Paulin

Abaririmvyi 3 ngo nibo bariko bategurirwa ibiteramo ku mugabane w’Uburayi na Amerika, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Boris Evrard Mucowintore.

Uwo musore asanzwe ari mu bategura ibiteramo muri Canada, avuga ko umuririmvyi Mb Data yahombejwe n’ikiza ca COVID 19, kuko ariwe yagira aje gukora ibiteramo muri ico gihugu.

Uwo musore yavuze ko ubu hariko hategurwa ibiteramo hirya no hino, Aho muri uno mwaka wa 2023, Dj Paulin ngo azojana muri Canada abaririmvyi 3, barimwo n’umwigeme.

Dj Paulin mu kiganiro aheruka guha Juste Gael, akaba nawe yavuze ko ico gikorwa co kujana abaririmvyi muri Tournée ku mugabane w’Uburayi na Amerika bitahagaze, ahubwo bikibandanya gusa vyari vyahagaze, ariko ubu ariko araganira n’abategura ibiteramo.

Amazina y’abazojana na Dj Paulin bakaba bataramenyekana, ariko hakaba hari abamaze kwerekana ko bazokorera ibiteramo ku mugabane w’Uburayi, aho ni nka Alvin Smith na Mow Kanzie basanzwe banafitanye ubucuti bwa hafi na Dj Paulin, bishoboka ko barimwo.

Mukamenya ko Dj Paulin Ari mu bategura ibiteramo bivugwa ko bariha neza abaririmvyi, ariko Kandi akaba n’umwe mu basanzwe bategura ibiteramo hano iwacu, avugwako gutumira abanyamahanga cane, noneho akabahemba menshi, mu gihe abarundi baba babahemvye make cane.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775