BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Abaririmvyi batandukanye bashigikiye Nziza Desire 

Abaririmvyi batari bake bagize Ico bashikiriza ku ndirimbo Umuyabaga RMX ya Nziza Desire yashizwe ahaba kuri uyu wa mungu igenekerezo 1/5. 

Mu bagize Ico bashikiriza muri comment y’iyo ndirimbo hari nka B face, Mkombozi, Yves Kami, Emery sun n’abandi batandukanye basanzwe barabira hafi ivy’umuziki wa hano iwacu.

Mkombozi yagize Ati : ” Back to the roots🔥🔥🔥Keep it up the legend🙌🏿 “.

B face nkuko y’ama mu majambo make cane ati : ” Legendary ting👊🇧🇮👌 “.

Yves Kami umwe mu baririmvyi basanzwe bavuza ibicurarangisho kavukire nawe ati : ” That is Great 🤩🇧🇮🙏Ni nziza cane Maestro”.

Ni vyiza kuza mukora Indirimbo zifise imizi mu karanga Kacu “.

Emery sun nawe mwayikoze neza ” yewe Maaa n’umuyabaga,merci Grand frère,mwayikoze neza caaaane,Respect Big Bro”.

Iyo ndirimbo yakozwe n’umuhinyanyuzi w’umunyarwanda ‘Meddy Saleh’ ikaba yarimaze imisi iriko iravugwa ko buca ishirwa ahabona, eka n’agace kayo Kakaba Kari kagize imisi gahanahanwa.

Mwomenya ko iyo ndirimbo yari gukorwa na Nziza Desire hamwe n’umuririmvyi w’umunyarwanda, ariko biza guhinduka n’amajwi yamaze gukorwa, bahitamwo kumukuramwo kuko ngo yabaremereje.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775