BurundiDiasporaÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Abarundi bamwe I Burayi barahiye gufata urucanco rwa Covid-19 Uburundi nabwo butararonka

 

Ku mugabane wa Buraya, ibihugu bitari bike vyatanguye gutanga incanco ku batari bake mu bene gihugu basanzwe baba muri ivyo bihugu. Hakaba hari abatari bake bamaze kwakira izo ncanco kugira barabe ko ubuzima bwa misi yose bwongera kandi gusubira gutangura kugenda neza, kuko uno musi ubuzima bw’abatari bake busa n’ubwamaze guhagarara.

Ariko naho biruko, hari abenegihugu batari bake batarashima kwakira izo ncanco kandi bazifitiye uburenganza, muribo harimwo umurundi asanzwe aba mu gihugu ca Sweden aheruka kumenyesha ko atazofata urwo rucanco mu gihe abarundi batazoba bararuronka, kandi adahengeshanya guhimiriza abandi ngo baje gufata urucanco.

Uwo musore yahagaze bwuma, akaba azwi kw’izina rya Keza Akbar Abdul, akaba ari umurundi afise amamuko ku bahindi bazanywe nk’inyagano muri afrika y’ubuseruko n’abadagi igihe c’abakoroni, nkuko yabishikirije mu kiyago aheruka kugirana na Joe Sindi, umurundikazi aba muri Canada akunze gutumira abarundi batari bake mu kiyago akorera ku rubuga rwiwe rwa Instagram (http://www.instagram.com/joe_sindi), aho akenshi baganira ku bibazo bihanze abarundi hirya no hino iyo basuhukiye.

“Igihe habaye birya bintu vya COVID, nariko ndahimiriza. Jewe naranse gufata urucanco rwa COVID gushika yaho ruzoshika I Burundi.  N’ico gihe nanje nzofata urwo rucanco, nta rucanco nzofata abarundi batararonka.” Vyashikirijwe na Akbar ubwiwe.

 

View this post on Instagram

 

A post shared by J-Y (@joe_sindi)


Aha twokwibukanya ko ibihugu vyo ku mugabane wa buraya na Amerika naho nyene atari vyose, arivyo bimaze kwemera gutangura gutanga izo ncanco. Izo ncanco naho nyene zikaba zitariko zihabwa bose, ahubwo habanje igice ca 1 c’abantu baza imbere mu bashobora gufatwa imbere y’abandi (Personnes à haut risqué).  Nayo ku mugabane wa Afrika ibihugu bitari bike bikaba bidashoboye kwigurira izo ncanco.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769