BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Abarundi ngo nimba badakunda Sat-b, bazomugabire abanyarwanda

Umwe mu bamenyeshamakuru bazwi cane mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ariko ubu abarizwa muri Leta zunze ubumwe za Amerika yavuze ko ari nka hamwe abarundi boba badashaka Sat-b ngo nibamugabire Urwanda.

Akoresheje urubuga rwa Instagram, uwo mumenyeshamakuru yavuze ko Sat-b yamumenye mu mwaka wa 2008. Ico gihe yamwumvise ari umurundikazi bigana muri Kamenuza amumwumvishije.

Ally yabandanije avuga ko yasanze uwo muririmvyi ari umuhinga akomeye, kuva ico gihe gushika ubu. Soudy ntiyaretse kuvuga ko Sat-b yamushize mu gitigiri c’Abaririmvyi bakomeye muri Africa.

S’irya mbere Ally avuga ku muziki ndundi, kuko yaheruka gushikiriza kuri Live ya Instagram yiwe ko umuziki ndundi umaze gutera imbere bivuye kuko uno musi habonetse imboneshakure zikorera ku mbuga ngurukanabumenyi nyinshi, kuko nabo ngo baciye aho.

Inyuma y’ugutera amashurwe Sat-b, Ally Soudy yahavuye avuza ku karirimbo “Umubabaro” kuri urwo rubuga aho yamenyesha ko ako karirimbo ari keza cane, anatumirira abantu kwirukira kukaraba kuri YouTube ya Sat-b.

Mwomenya ko uwo mumenyeshamakuru afise abantu batari bake bamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799