BurundihomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

Abarundi ngo ntibazokurikira Ntibazonkiza Saido agiye muri Simba

Mu gihe muri uku kwezi buca dutangura kwa gatanu, umukinyi Ntibazonkiza asanzwe akinira umugwi wa Yanga African azorangiza amasezerano afitanye n’uwo mugwi, abantu batanguye kwibaza iyo azoca yerekeza

Big Fizzo co kimwe na Mistachampagne baheruka kugiriranira ikiyago camaze umwanya utari muto ku rubuga rwa Instagram, bamumenyesheje ko Ari nka hamwe yohirahira akaja muri Simba, isanzwe Ari umukeba wa Yanga African ngo batazomukurikira.

Urwo rukundo abarundi basigaye bakunda uwo mugwi wo muri Tanzania, rukaba rwashimangiwe n’uwo mukinyi ubwiwe Aho yavuze ko nawe amaze kubona ko abarundi batacerekwa umugwi Simba, ahubwo bakunda cane umugwi wa Yanga African.

Muri ico kiyago, Ntibazonkiza akaba atatanze inyishu kanuni ko azokwerekeza ahandi, canke azoguma muri Yanga, ahubwo yavuze ko gusa mu mategeko, ubu afise uburenganzira bwo gukinira umugwi uwariwo wose yipfuza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878