BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Abataja mu butambiro nibo bavuga ko Indirimbo zabo zitavuzwa

Abaririmvyi bakoma induru ko mu nzu z’ubutambiro batavuza Indirimbo zabo, ngo nibo baririmvyi baboneka cane ko bataja murivyo bibanza, ivyo biheruka gushikirizwa na Dj Paulin nyene Cristal ariko Kandi akaba n’umwe muba Promoter bakomeye hano iwacu.

Dj Paulin akaba yashikirije ko abaririmvyi akunda kubona mu nzu z’ubutambiro banasangira, harimwo Big Fizzo, Double Jay na Kirikou.

Dj Paulin akaba abona ko abo baririmvyi bari bakwiye kuza barumviriza cane izo nsamirizi co kimwe n’ukwishikira mu butambiro kugira babashe kwiyumviririza izo ndirimbo, ariko bareke kuguma bavuga nabi abo ba Dj baba abo ku nsamirizi canke mu nzu z’ubutambiro.

Dj Paulin akaba mu kiganiro yagiranye na Juste Gael, dukesha iyo nkuru, yashikirije ko we ubwiwe Ari mu barundi bahimiriza cane Aho ageze hose, haba hano iwacu, canke mu mahanga kugira havuzwe Indirimbo z’abarundi, izo azi abandi batazi, akazibabwira.

Mwomenya ko Dj Paulin asanzwe Kandi Ari umwe muba Promoter bahora bajana abaririmvyi hanze, ariko vyari vyahagaze kubera Corona, ariko yemeye kubivyura Kandi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775