BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abed Achour abonetse ashobora guhinduza Monna iciyumviro co kutarongongwa

 

Monna ntasiba kuvuga ko ata cizere afise ko azohava akora ubugeni nkuko abandi bose avuga ko babikora, ariko yizera ko azohava arondera abana, kuko arabashaka nkuko yabibwiye Hosy mu kiyago baheruka gukorana, aho bariko bavuga ku bijanye n’indirimbo yiwe nshasha aheruka gushira ahabona.

Ariko naho biruko, uwo muririmvyikazi ngo hari uwo atoha umugongo, ariko yokwemera guha umutima, nkuko yavuze ko iyo ari mu rukundo aba aciye bugufi bikomeye. Uwo nawe ngo n’uwitwa Abed Achour.

Iryo zina ry’uwo mugabo rikaba ryasohotse ku rubuga rwiwe rwa Instagram aho yariko yishura ibibazo mu muce wa Storie. Ico gihe akaba yarabajijwe igituma mugenziwe [Laly Gomez] yavuze ko azomuronderera  umugabo w’umunya Libani.

Monna yishuye ko Laly Gomez yavuga ibimuciye mu mutwe, naho ata sano riba rifitanye n’ivyo aba ariko aravuga. Ariko yahavuye yongerako uwomuha Abed atomwirengagiza. Monna akaba asanzwe anamukurikirana ku rubuga rwa Instagram nkuko twabashije kubibona ku rubuga rwa Instagram rwa Abed Achour.

Monna yagize ati : “Kubera avuga ibimuciye mu mutwe naho ata raison iba ihari c’est sorti juste comme ca… Mugabo umuntu yondonkera Abed Achour sinomwanka quand même.”  

Nahavuye ngerageza kurondera Abed uwariwe, nsanga akomoka mu muryango w’abanya Libani umaze imyaka irenga 60 uba muri ico gihugu, ukaba uwo muryango ufise ubutunzi butari buke kuko bafise amahinguriro atandukanye muri ico gihugu, kandi bakaba aribo binjiza muri congo ibintu bitandukanye vya nkenerwa muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775