BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y’umuntu n’uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye nk’umiziro, nayo uwugerageje kuvyubahiriza bakamutwenga nk’aho umenga ico kiza caraheze.

Muganga Salvator Ndayitwayeko asanzwe akora mu gisata kijejwe gukinga ibiza mu bushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya sida amenyesha ko nyabuna ikiza ca coronavirus kikiriho mbere agasaba abamenyeshamana gufasha mu guhimiriza abemera ko bokomeza kwikingira ico kiza mu mpande zose.

Yaraye abishikirije kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Munyonyo mu cigwa yahaye abo baserukira abandi mu madini n’amashengero mu kigo Ndongozi. Izo nyigisho zikaba zari zatunganijwe na Caritas Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765