africa newshomepagekirundisecuritysociete

Afrika y’epfo : Abanyamahanga 100 batawe muri yompi

Igipolisi ca Afrika y’Epfo cataye muri yompi abanyamahanga 100 badafise ibibaranga mu karere ka Diepsloot kari mu buraruko bw’igisagara ca Johannesburg inyuma y’imigumuko yadutse muri ico gisagara.

Iyo migumuko yavuye kw’igandagurwa ry’intwazangabo mu gipolisi ryagirijwe umunyazimbabwe haciye indwi irenga.
Ibintu ntivyifashe neza muri ako karere inyuma y’aho igipolisi gikoreye uruhigi ku banyamahanga badafise ibibaranga.

Urwo ruhigi rwakurikiye imyiyerekano y’abanyagihugu baba muri ico gisagara bateye amaduka y’abanyamahanga basanzwe bagirizwa ko ari bo nkwezi y’ingorane y’ubukene muri ico gihugu.
Intwazangabo mu gipolisi Oupa Matjie yarishwe mu gihe bagomba gufata umusuma, ababa muri ico gisagara bakagiriza umugabo akomoka muri Zimbabwe ko ari we yamugandaguye.
Ubwo bwicanyi bwatumye haduka iyo migumuko, maze isanamu y’uwo yagirizwa ikwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

Abanya Afrika y’Epfo benshi baba muri ako karere bariyamiriza ihohoterwa rikorerwa abanyamahanga, mu gihe abandi nabo babagabisha ko bokwitonda canke naho bakava muri ico gihugu.
Ntawuzi amaherezo y’abo banyamahanga bakomoka mu bihugu bitandukanye vya Afrika bafashwe badafise ibibaranga.

Mwomenya ko, akenshi bimaze kwibonekeza ko igipolisi, iyo gihagaritse abanyamahanga baba mu gihugu badafise ibibaranga, kiruhira kubarekura bakisubirira mu mihana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756