BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Aime Loveness yavuze ku busuma bw’indirimbo yagirizwa

Ku busuma yagirizwa, Aime Loveness asaba ko uwogira icemezo na kimwe yogisangiza abandi, kuko we yizeye ko ata cemezo na kimwe gihari.

Ibivurwa ko AImee Loveness ngo yoba ariko asohora indirimbo zanditswe na Mirror Team hama akiba ngo n’ububeshi butagira izina. Ivyo bikaba biheruka kuvurwa nawe ubwiwe.

Uwo muririmvyi abarizwa musi y’uburongozi bwa Grand Pictures, avuga ko indirimbo ariko arasohora ari rwiwe kandi atawazimwandikiye. Uwo akavuga ko uwuzoronka icemezo na kimwe ngo yoheza akagisangiza abandi ku mbuga ngurukanabumenyi.

Aime anavuga kandi ko kuba umurwi Mirror Team utariko urakora ngo atarakwiye kubibazwa, ariko ngo vyobazwa bo ubwabo, kuko we ubu ari ukwiwe wenyene.

Aime ariko akemeza ko izo ncuti bahoranye ku rugamba ngo zimeze neza, zikomeye.

Mwokwibuka ko uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona amasanamu y’akaririmbo gashasha, amasanamu akaba yakozwe na Grand Pictures, mu gihe amajwi yakozwe na Masterland.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775