homepagekirundimusic

Aime- M ubu abarizwa mu gihugu ca Tanzania guheraheza ibikorwa vyiwe

Ni mu gihe yari amaze imisi itarenga 5 mu gihugu c’Uburundi nk’uko twabibabwiye mu makuru yacu duheruka kubashikiriza.

Ni Aime-M, umuririmvyi w’umurundi yari aheruka mu Burundi mu mwaka 2014, igenekerezo rya 14 Myakanga 2022 niho yakirwa mu gihugu c’amavukiro.

Ikintu ca mbere yadushikirije agishika ku kibuga c’indege ni Album yiwe izwi kw’izina rya “Amen” igizwe n’indirimbo 15 zininahaza Imana nayo ikaba yamaze kuja ku mugaragaro.

Yamara yarasiguye neza ati n’ubwo yasohoye album y’indirimbo zininahaza Imana ntikizobuza y’uko abandanya asohora izindi ndirimbo z’urukundo nizo guhanura.

Imvugo rero yayishize mu ngiro kuva igenekerezo rya 19 Nyakanga uyu mwaka nyene niho yafata urugendo agana mu gihugu ca Tanzania. ikimujanye muri Tanzania ni ugukora vidéo y’indirimbo ziwe 3 yakoranye n’aba Tanzania, iya mbere azoyikorana na Stamina, Mr blue na Billnass, iyigira 2 ari kumwe na Contry boy,nayo iyigira 3 azoba ari kumwe na Zee cute, muri ico gihugu akazohamara indwi imwe ni ukuvuga atagihindutse igenekerezo rya 26 Nyakanga azoba abarizwa mu gihugu c’Uburundi mu nyuma yaho azoca yerekeza muri Amerika aho asanzwe aba.

Nayo ukuntu izo ndirimbo zizogenda zirasohoka azobitumenyesha mu nyuma
Tubandanye dukorikira ibikorwa vyiwe ni Aime-M ku mbuga zose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 741