Diasporahomepagekirundi

Kubwa Emery Sun ngo ubwoba bwa D-one bugiye guhinduka intsinzi

Igenekerezo rya 19 Nyakanga 2022 niho umuririmvyi D-one yashize ahabona indirimbo yiwe izwi kw’izina rya “Ubwoba”.

Ugerageje kwumviriza iyo ndirimbo irimwo amajambo y’agahinda nk’umuntu yihebuye kubona abandanya akora bigashimwa ariko abategura ibiteramo ukamengo ntibamubona bituma acika intege.

Kubwa Emery Sun wewe aramuremesha yanditse amajambo agira ati: “D-One ntucike intege courage bro, iwacu ntibisaba kugira hit ngo uronke shows, oya ahubwo bisaba kuba uri muri twa du team tw’ababandi, iconzi n’uko batugabuye kumvo bo bazi kubwanje ndemeza yuko ufise ingabirano, guma ku kivi, umuziki mwiza wama utsinda, one day ubwoba ufise buzohinduka indirimbo y’intsinzi. Urankoze ku mutima pee urugamba turarusangiye bro.
Ubwoba by D-One.”

Ayo ni amajambo yanditswe na Emery Sun ahoza D-One.

Tubibutse ko iyo ndirimbo “Ubwoba” iri kuri youtube, tubandanye tuyishigikira mu kumuteza imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 742