Diasporahomepagekirundi

Aime-M ubu abarizwa mu gisagara ca Bujumbura

Aime-M isango yari yaduhaye igenekerezo rya 11 Nyakanga 2022 ntivyabaye bigikunda ko aza kumvo z’uko indege yari kumuzana yamusize, yaciye atanga irindi sango igenekerezo rya 14 Nyakanga, iryo sango ryabaye ntabanduka yakiriwe n’abanditsi n’abamenyeshamakuru ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye isaha zitatu z’ijoro.

Muri ico kibanza nyene yagiye arishura ku bibazo bamubajije kuvyerekeye urugendo rwiwe n’ibikorwa vyiwe.

Yavuze ko yari akumbuye Igihugu c’amavukiro yari ahaheruka kuva mu mwaka w’2011. Ikimuzanye nyamukuru ni ukurekura album yiwe izoba igizwe n’indirimbo zininahaza Imana ikazoba igizwe n’indirimbo 15 izwi kw’izina rya Amen ikazosohoka igenekerezo rya 17 Nyakanga uyu mwaka nyene.

Uburyo izosohokamwo izoja ku mbuga ngurukana bumenyi Youtube na Platforms zitandukanye zidandaza umuziki. Hariho n’izindi vidéo ashaka gukorera mu Burundi, yongeye aranaremesha abakunzi biwe ko atagiye guhagarika gukora izindi ndirimbo zitari izo kuninahaza Imana.

Nayo ngo igituma akunda gukorana n’aba producteurs bo muri Tanzania ngo nuko abo mu Burundi batanyarutsa akazi iyo abituye yama agira ikibazo c’umwanya ntibawukurikize, niko guca
ahitamwo gukorana n’aba Tanzania kubera bakurikiza umwanya.

Ico yungutse mw’ihiganwa yarimwo ryatunganijwe na Dicobu yishuye agira ati:” Narahungukiye vyinshi vyaranatumye mbandanya kumenyekana.”

Yarangije asaba abantu bose kubandanya bashigikira aba artiste muri rusangi kuko akazi bakora ngo ntikoroshe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 745