BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ukutaboneka kuri Tv online kwa King’orongoro ngo ni uwundi mukenyuro

Kuva yinjira muri MA Production, umuririmvyi King’orongoro arafise ukuntu hariho ibikorwa bimwe bimwe yasa n’uwaciye asezera, birimwo kuboneka cane ku binyamakuru bikorera ku mbuga ngurukanabumenyi.

Uwo muririmvyi avuga ko ivyo bitabaye igihamana kuko vyari mu migambi, kandi ngo atiteze kubihagarika n’aho atakibarizwa muri Management ya MA Production.

Mu kiyago na Hosy Irakoze, uwo muririmvyi yavuze ko umwe mu mukenyuro, wari uwo kuboneka mu binyamakuru kuri izo mbuga ari uko afise ico yerekana, mu gihe mu binyamakuru nk’ama radio, ngo yari  arekuriwe kugenda, kubera hoho bashobora kuvuza indirimbo.

Uwo muririmvyi yanavuze ko ikindi gituma ataboneka cane ni  uko hari abamenyeshamakuru bo kuri izo mbuga babaza abaririmvyi ibibazo bitajanye n’ivy’umuziki wabo, noneho inyishu zikaba arizo ziba umutwe w’inkuru.

Mukamenya ko King’orongoro atabaye uwa mbere yidogeye abo bakorera kuri izo mbuga, ko imitwe y’inkuru [ Title] itajana n’ibiba vyashikirijwe muri video indani.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760