BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Aimée Loveness yavuze ku ndirimbo Mutima iraba abacelibataire bose

Akaririmbo Mutima aheruka gushira ahabona, ngo gafise ubutumwa butandukanye cane n’ubwo abandi bagize igihe batanga mu ndirimbo zisangiye akazina, Title. Igituma nuko muri ako karirimbo harimwo ikiyago ca we n’umutima wiwe.

Mu kiyago yagiranye na BETV, Loveness avuga ko ubutumwa yashize muri iyo ndirimbo ngo buraba umuntu uwariwe wese. Kuko ari ubutumwa buvuga ku muntu atarashinga urugo kandi imyaka imujanye, ari naco gituma no mu masanamu atakoresheje umukobwa, ariko agakoresha ibishusho bambika impuzu.

“Ubutumwa butandukanye n’izindi ndirimbo wumvise, kuberako n’ikiyago ca jewe n’umutima wanje, …., ni jewe ahubwo mba ndiko ndagiriza umutima wanje, nti nimba navuze muri 1980 hakaba hageze mu 2000 ata mugore araza, uragwaye, ufise ikibazo, ntukunda? Nashatse kuvugira abantu babona ko ama Generation yabo yose bamaze kugira ubugeni ariko bo vyaranse, afise amafaranga, nta kintu na kimwe abuze, mugabo umukobwa yamuramutsa, ukamengo aramusezeye,..

Iyo ndirimbo mutima ngo imaze igihe kitari gito, kuko n’indirimbo yaririmvye kuva kera. Igituma yatevye gusohoka nuko hari ico yashaka ko bisohokana, Amasanamu yayo. Nayo ihangiro afise kuri ayo masanamu, avuga ko ari kugira abantu basome ico iyo sanamu isobanuye, kuko mu kibanza c’umukobwa yakoresheje igishusho bashirako impuzu.

Aimée akaba yanamenyesheje ko ingendo yakoze hirya no hino mu misi iheze, nko mu Rwanda, ngo hari mu ntumbero zo kugira abashe kurahura ubwenge, kandi anasume urusaku, amenye abandi iyo bageze. Yanavuze kandi ko afise indirimbo atarangije mu Rwanda, ariko ngo azogenda kugira ayirangize akanya kabonetse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775