BurundiBusinessCuteDevelopmentEconomyÉnergiegroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundi

Aka niko kamo atera abafise amahinguriro mu Burundi

Abafise amahinguriro bahamagarirwa kwijukira guhingura ibidandazwa vy’akanovera vyotuma Uburundi bufata ikibanza ca mbere mu bijanye n’ubudandaji mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Ako kamo bagatewe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, hari kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 10 Kigarama 2020 muri komine Kabezi intara ya Bujumbura aho yari aramutse atanguza umwiherero w’iminsi ibiri ku bijanye n’intambwe Uburundi bumaze gushikako kuva bwinjiye mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko.

Evariste Ndayishimiye yasavye indongozi gukoresha ubwenge mu ntumbero yo guteza imbere abanyagihugu kugira barwize umwimbu boshora mu bihugu bigize uwo muryango.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 771