BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Akandi karirimbo ka Landry 2BS buca kadushwaramwo

Akandi karirimbo gashasha ka Landry 2bs ngo kari mu nzira,ivyo n’ibiheruka kuboneka ku rubuga rwa Whatsapp rw’uwo muririmvyi muri ino ndwi.

Amakuru dukesha we ubwiwe nuko ako karirimbo katarasohoka. Kakaba gashobora kuzosohokera rimwe n’amasanamu yako yamaze gutangura gukorwa.

Uwo muririmvyi yisumamwo i Kigali akaba yaramaze umyaka 1 adashira ahabona akaririmbo gashasha, akaheruka kakaba ari Iremesho ry’abihebuye kamaze kurabwa incuro 2000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

Landry akaba ari mu baririmvyi b’abarundi babarizwa i Kigali kandi basusurutsa abantu mu bikorwa vya Karaoke rimwe rimwe iyo habonetse akaryo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775