Burundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

Akaranga cycling irategekanya ihiganwa

CLUB AKARANGA Cycliste rishimira bivuye k’umutima Honorable Olivier SUGURU.
Club AKARANGA CYCLISTE ry’igihanga mu ntara ya Bubanza ririko rirategura ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga muntumbero yo guhimbaza umunsi wahariwe amakomine ngo imyiteguro iteye k’urugero rushimishije.

Ivyo vyashikirijwe na Emery BADOGO arongoye iyo Club amenyeshako bakengurukira abo bose bariko baritanga kugira ngo iryo higanwa rigende neza eka mbere n’izindi nkino zitegekanijwe kuri uyo munsi zize zigende neza.

Uyo arongoye Club AKARANGA CYCLISTE arashimira vyumwihariko Umushingamateka Olivier SUGURU asanzwe yaratowe muri iyo Ntara akaba kandi ari n’umuvuka komine k’ukuntu ariko arabashigikira  k’urugero rushimishije ,aho yanamenyesheje ko amabarabara yose abazosiganwa ku makinga bazocamwo yubakishijwe na Nyakubahwa Umushingamateka Olivier SUGURU .

 Emery BADOGO arongoye Club AKARANGA CYCLISTE ryo muri komine Gihanga intara ya Bubanza arakenguruka ukuntu uyo yatowe muri komine ya Gihanga yitayeho ibikorwa bijanye n’iterambere ryo muri komine avukamwo ya Gihanga nko gushikana amatara mu bisagara bimwebimwe vyo muriyo komine hamwe no kubaka ibiraro bihuza ibisagara bigize komine Gihanga.

Ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ririko ritegurwa na Club AKARANGA rikazoba kw’igenekerezo rya mbere Myandagaro 2020 k’umurwa mukuru wa komine Gihanga .
Mwomenya yuko hategekanijwe kuri uyo musi inkino z’umupira w’amaguru.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684